UBURUNDI MURI CAN2024

Football: Uburundi na Cameroun hazoca uwambaye ku musi w’ejo

Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru mu Burundi #Intamba_mu_Rugamba uriteguriye urukino ruzowuhuza n’igihugu ca #Cameroun kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023 isaha zitatu z’ijoro (21h) mu gisagara ca #Garoua.
Ni mu nkino zo gukurakuranamwo mu kurondera uburenganzira bwo kwitabira ihiganwa rya #CAN2024 rizobera mu gihugu ca Côte d’Ivoire mu ntango z’umwaka uza.

Kuruhande rwa Cameroun iriteguriye gutsinda .
Uburundi nabwo bwiteguriye gutsinda canke kunganya muri urwo rukinokugira bushobore kuzokwitabira ihiganwa rya CAN2024.
Mubona Intamba zifise amahirwe angana gute muri urwo rukino?
#U_Sport
#CAN2024

INAMA Y’ABAGUMYABANGA MURI KOMINE NSHASHA YA BUBANZA

🔴🦅 BUBANZA: Abagumyabanga bose bo muri komine nshasha ya #Bubanza bahamagarirwa gushigikira ibikorwa vyose vy’iterambere vyotuma iyo komine igira ishusho nziza gusumbiriza.

🦅Ivyo vyashikirijwe na #Emmanuel_Ntirandekura , Umunyamabanga w’umugambwe #CNDD_FDD muri komine nshasha ya Bubanza mu nama yo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 10/9/2023 iyo nayo ikaba yahuje imvukira, abakozi ba Leta, abikorera umivyabo bavuka muri iyo komine nshasha hamwe n’abarangurira imirimo yabo mukandi karere.

📌 Inyuma yo gutanaga intumbero y’iyo nama kubitavye, #Emmanuel_NTIRANDEKURA , akaba yahamagariye umwe wese gutanga intererano mu ntumbero yo kubandanya biyubaka neza, hababmw’iterambere ndetse no mu mugambwe #CNDD_FDD.

🎤Mw’Ijambo ryiwe, #Alexandre_NGORAGOZE, Umunyamabanga w’Umugambwe #CNDD_FDD mu ntara ya #Bubanza akaba ari n’imvukira y’iyo Komine nshasha ,yasavye incabwenge zose,abafise ubuzi ahatandukanye,gushigikira amakoperative ya #SANGWUE ari ku mitumba no gushigikira umugambi w’Igihugu wo gutera ibiti,agasaba abarongoye umugambwe gukurirana neza amatuta yakengejwe.
🎯Inyuma y’ibibazo vyabajijwe no guhanahana amajambo, Abagumyabanga b’iyo Komine nshasha ya Bubanza n’incabwenge,bahamagaririwe gushigikira ibikorwa vyose vy’iterambere vyashizwe imbere,haba mu gisata c’Indero mugushigikira kaminuza nshasha buca yugururwa y’Intara,guteza imbere umwenegihugu ku mutumba, indongozi zose zigasabwa kuja ku mutumba kugira ziteze imbere aho zivuka,gushigikira ingendo z’umugambwe ku mitumb.
Iyo nama ikaba yitabwe n’indongozi zikorera mu bisata bitandukanye vy’igihugu, harimwo Umuyobozi mukuru w’ikigo#ANACOP.

Usad_burundi_together_for_peace_and_development

Umushikirizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi arikumwe na Buramatari w’intara ya Bubanza, barifadikanije n’abenegihugu bo muri komine Gihanga mu bikorwa rusangi vyo gusibura ibarabara.

🔴🔴🔴 Bubanza: Indongozi zose zo mu ntara ya Bubanza zihamagarirwa gukorera neza buri mwene gihugu mu ntumbero yo kubabera inyishu y’ibibazo bibahanze.

👆Ivyo vyashikirijwe na #Léonard_MANIRAKIZA
Umushikirizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi , aho kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 9/9/023 arikumwe na Buramatari w’intara ya #Bubanza, hamwe n’izindi ndongozi zo mu ntara yari yifadikanije n’abenegihugu bo mu ntara ya #Bubanza mu bikorwa rusangi vyo gusibura ibarabara rya #Buramata_Ndava_Busongo riri muri komine #Gihanga.

🟣Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Buramatari w’intara ya Bubanza #Cléophas_Nizigiyimana, yakeje iyo ntumwa mu mabanga mashasha iheruka kwinjiramwo, aca ahamagarira Abenegihugu kwama babumbatira amahoro n’umutekano, badashize inyuma kwitegurira neza irima ry’agatasi.

Nayo , #Léonard_MANIRAKIZA Umushikirizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi, Mw’ijambo ryiwe yashikirije, yahamagariye indongozi zose gutunganiriza neza buri mwene gihugu wese azituye mu ntumbero yo kubabera inyishu y’ibibazo bibahanze. Yahamagariye kandi buri mwenegihugu wese kwama atanga inkuru y’ikintu cose abonye ko gishobora kubasubiza mw’ihumbi hakiri kare.

Usad_burundi_together_for_peace_and_development

Imatera 320 nizo zatanzwe n’ishirahamwe ry’imvukira za Bubanza

BUBANZA : Imatera 320 nizo zatanzwe ku mashure atanu y’uburaro ari mu ntara ya #Bubanza.

🗓️ Kur’uwu wa mbere igenekerezo rya 26.9.2022 imvukira z’intara ya Bubanza zari ziramutse zikora igikorwa co gushikiriza kumugaragaro imatera 320 ku mashure y’uburaro ari mu ntara ya Bubanza.

🎤Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Nyakubahwa #Cléophas_NIZIGIYIAMANA , Buramatari w’intara ya Bubanza akaba yamenyesheje ko abana bose bari ku mashure ariko hasanzwe hari ikibazo kidasanzwe cane cane mu mashure y’indaro aho menshi asanzwe afise ikibazo c’ubukene bw’imatera zidakwiye , ngo ni naco gituma bicaye hamwe nk’imvukira kugira ngo barabe ko hari ico boterera ari nayo mpamvu bari baramutse bashikiriza zimwe muzo bamaze kuronka.

⭕Nayo #Côme_MANIRAKIZA umushingamateka yatowe muntara ya Bubanza akaba ari nawe arongoye Ishirahamwe ry’imvukira rijejwe iterambere muri iyo ntara , akamenyesha ko imatera 320 baramutse bashikiriza uburongozi bw’indero mu ntara , harimwo imatera 150 zatanzwe n’ubuserukizi bw’igihugu c’ubushinwa , nayo Ishirahamwe #Lumitel rikaba ryatanze imatera 150 , Ishirahamwe ry’imvukira naryo rikaba ryabaye riratanga imatera 20 izindi zikaba ziriko ziregeranwa.

#MANIRAKIZA Agashimira vy’imvamutima abamaze kwitaba akamo ko gushigikira ico gikorwa agahamagarira n’abandi bose babishoboye kugira ico bafashije kugira ngo babandanye basahiriza muri ico gikorwa. Akaba yaciye hamagarira umuyobozi w’indero mu ntara gukurikiranira hagufi izo matera kugira ngo zizozigamwe neza , mu kuzicunga no kuzikoresha neza kugira ngo n’abandi banyeshure bazoza munyuma bazozisangeho ziheze zibafashe.
Akaba yahamagariye n’urwo rwaruka rugiye kuryama kuri izo matera kwihatira ku vyirwa kugira ngo ubumenyi baza bahabwa bozobafashe muri kazoza no kwubaka igihugu.

⭕ Umwaserukiye ubuyobozi bukuru bw’ishirahamwe #Lumitel akaba yabanje kwibutsa abari ngaho ibikorwa #Lumitel isanzwe irangura mu gushigikira i gihugu c’uburundi, akaba yasavye ubuyobozi bw’indero n’abanyeshure kuzofata neza izo matera kugira ngo zizobe isoko ry’ubumenyi kuri bo.
🔴Uwaje aserukira ubuserukizi bw’igihugu c’ubushinwa mu Burundi akaba yashimiye Umukuru w’ishirahamwe ry’imvukira za Bubanza k’umwete n’ubwira yakoresheje mugushikira ubwo buserukizi , ati indero ni karahara mu ruganda ntibacura , ngo niyo mpamvu ubuserukizi bw’ubushinwa ataco butazokora kugira ngo indero mu gihugu c’uburundi itere ija imbere, ariko akamenyesha ko iyo mfashanyo ataho ihuriyo n’ibikorwa basabzwe barangura knurwego rw’igihugu ahubwo ari imfashanyo isanzwe bahaye iyo ntara kubera yabituye.

MPANDA: Abenegihugu bo mu ntara ya Bubanza bahamagarirwa gukora ibishoboka mu gukingira isi ndimwa kugira ngo hongere haboneke umwimbu nk’uwakera.👆Ivyo vyashikirijwe na Buramatari w’intara ya Bubanza Cléophas_NIZIGIYIMANA aho kur’uwu wa gatandatu igenekerezo rya 10/9/2022 yari yifadikanije n’abenegihugu bo k’umutumba wa #GAHWAZI1 mubikorwa rusangi vyo gukingira isi ndimwa mu guca imikobeko.🎙️ Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Musitanteri wa komine #Mpanda #Nadine_NIBITANGA akaba yashimiye abanegihugu k’ukuntu bama bitabiriye ivyo bikorwa akamenyesha ko ihangiro bari bihaye basa nabarishitseko , aho ni mugihe imisi ijana bari bihaye buca iherana n’ukubkwezi kw’icenda.🇧🇮Mumpanuro zashikirijwe na Nyakubahwa Buramatari Cléophas_NIZIGIYIMANA , akaba yasavye ben’amatongo ko iyo mikobeko imaze gucibwa boguma bayisibura nanyarirya imvura igiye kurwa , agahamagarira n’abandi bose bafise amatongo ari ku mitumba ihanamye guca imikobeko,hama bakama baharima bakurikije impanuro bahabwa n’abafundi b’indimo ku mitumba ,ivyo bikazobafasha mu kurwiza umwimbu k’urugero rushimishije, ati kanatsinda kuva na kera intara ya #Bubanza yamye ari intara yimbuka igasahiriza mugufasha izindi ntara ,ati n’ubu biracashoboka ico basabwa ngo ni gukanura bakabona,bakiyegereza abafundi b’indimo, bakijukira no gukoresha umwavu w’ikirundi uwo nawo bakazowuronka aruko bakoresheje inyabarega mu mihana iwabo.🎧Mu kurangiza akaba y’ibukije abene gihugu bo muri komine #Mpanda n’abanyabubanza muri rusangi kuzitabira ari benshi amatora y’abahuza bo k’umutumba azoba aho bukera Kw’igenekerezo rya 12 , akabasaba kuzokwitorera abashingantahe babushitse atari bamwe ba #Mpemuke_ndamuke.#USAD_Burundi#MPANDA_YACU_ITERAMBERE_RYACU#IBIDUKIKIJE_N_ITERAMBERE.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer