UBURUNDI MURI CAN2024

Football: Uburundi na Cameroun hazoca uwambaye ku musi w’ejo Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru mu Burundi #Intamba_mu_Rugamba uriteguriye urukino ruzowuhuza n’igihugu ca #Cameroun kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023 isaha zitatu z’ijoro (21h) mu gisagara ca #Garoua.Ni mu nkino zo gukurakuranamwo mu kurondera uburenganzira bwo kwitabira ihiganwa rya #CAN2024 rizobera mu gihugu ca CôteLire la suite « UBURUNDI MURI CAN2024 »

INAMA Y’ABAGUMYABANGA MURI KOMINE NSHASHA YA BUBANZA

🔴🦅 BUBANZA: Abagumyabanga bose bo muri komine nshasha ya #Bubanza bahamagarirwa gushigikira ibikorwa vyose vy’iterambere vyotuma iyo komine igira ishusho nziza gusumbiriza. 🦅Ivyo vyashikirijwe na #Emmanuel_Ntirandekura , Umunyamabanga w’umugambwe #CNDD_FDD muri komine nshasha ya Bubanza mu nama yo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 10/9/2023 iyo nayo ikaba yahuje imvukira, abakozi ba Leta, abikorera umivyabo bavukaLire la suite « INAMA Y’ABAGUMYABANGA MURI KOMINE NSHASHA YA BUBANZA »

Umushikirizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi arikumwe na Buramatari w’intara ya Bubanza, barifadikanije n’abenegihugu bo muri komine Gihanga mu bikorwa rusangi vyo gusibura ibarabara.

🔴🔴🔴 Bubanza: Indongozi zose zo mu ntara ya Bubanza zihamagarirwa gukorera neza buri mwene gihugu mu ntumbero yo kubabera inyishu y’ibibazo bibahanze. 👆Ivyo vyashikirijwe na #Léonard_MANIRAKIZAUmushikirizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi , aho kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 9/9/023 arikumwe na Buramatari w’intara ya #Bubanza, hamwe n’izindi ndongozi zo mu ntara yari yifadikanije n’abenegihugu boLire la suite « Umushikirizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi arikumwe na Buramatari w’intara ya Bubanza, barifadikanije n’abenegihugu bo muri komine Gihanga mu bikorwa rusangi vyo gusibura ibarabara. »

Imatera 320 nizo zatanzwe n’ishirahamwe ry’imvukira za Bubanza

BUBANZA : Imatera 320 nizo zatanzwe ku mashure atanu y’uburaro ari mu ntara ya #Bubanza. 🗓️ Kur’uwu wa mbere igenekerezo rya 26.9.2022 imvukira z’intara ya Bubanza zari ziramutse zikora igikorwa co gushikiriza kumugaragaro imatera 320 ku mashure y’uburaro ari mu ntara ya Bubanza. 🎤Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Nyakubahwa #Cléophas_NIZIGIYIAMANA , Buramatari w’intara ya Bubanza akabaLire la suite « Imatera 320 nizo zatanzwe n’ishirahamwe ry’imvukira za Bubanza »

MPANDA: Abenegihugu bo mu ntara ya Bubanza bahamagarirwa gukora ibishoboka mu gukingira isi ndimwa kugira ngo hongere haboneke umwimbu nk’uwakera.👆Ivyo vyashikirijwe na Buramatari w’intara ya Bubanza Cléophas_NIZIGIYIMANA aho kur’uwu wa gatandatu igenekerezo rya 10/9/2022 yari yifadikanije n’abenegihugu bo k’umutumba wa #GAHWAZI1 mubikorwa rusangi vyo gukingira isi ndimwa mu guca imikobeko.🎙️ Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Musitanteri wa komine #Mpanda #Nadine_NIBITANGA akaba yashimiye abanegihugu k’ukuntu bama bitabiriye ivyo bikorwa akamenyesha ko ihangiro bari bihaye basa nabarishitseko , aho ni mugihe imisi ijana bari bihaye buca iherana n’ukubkwezi kw’icenda.🇧🇮Mumpanuro zashikirijwe na Nyakubahwa Buramatari Cléophas_NIZIGIYIMANA , akaba yasavye ben’amatongo ko iyo mikobeko imaze gucibwa boguma bayisibura nanyarirya imvura igiye kurwa , agahamagarira n’abandi bose bafise amatongo ari ku mitumba ihanamye guca imikobeko,hama bakama baharima bakurikije impanuro bahabwa n’abafundi b’indimo ku mitumba ,ivyo bikazobafasha mu kurwiza umwimbu k’urugero rushimishije, ati kanatsinda kuva na kera intara ya #Bubanza yamye ari intara yimbuka igasahiriza mugufasha izindi ntara ,ati n’ubu biracashoboka ico basabwa ngo ni gukanura bakabona,bakiyegereza abafundi b’indimo, bakijukira no gukoresha umwavu w’ikirundi uwo nawo bakazowuronka aruko bakoresheje inyabarega mu mihana iwabo.🎧Mu kurangiza akaba y’ibukije abene gihugu bo muri komine #Mpanda n’abanyabubanza muri rusangi kuzitabira ari benshi amatora y’abahuza bo k’umutumba azoba aho bukera Kw’igenekerezo rya 12 , akabasaba kuzokwitorera abashingantahe babushitse atari bamwe ba #Mpemuke_ndamuke.#USAD_Burundi#MPANDA_YACU_ITERAMBERE_RYACU#IBIDUKIKIJE_N_ITERAMBERE.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer