🇧🇼🔮Burundi: Yatanguye kworora inka yishakira amata ahereza bana , none ubu ageze ku nka 780 , hamwe n’izindi zirenga 400 amaze guhereza aborozi, hamwe n’uruganda rukomeye rwo guhingura amata mu buryo bugezweho.

📌 Uwo nawe ni #Prosper_NDANGAMIRA, umworozi w’inka za kijambere, asanzwe arongoye ishirahamwe #LIFEWAY_Group , risanzwe rirangura imigambi itandukanye ifatiye ku bworozi , rikaba rikorera muri komine #GIHANGA y’intara ya #Bubanza.

🔮Kubw’intambwe nziza agezeko ku rwego rw’igihugu, vyatumye ku muhingamo wo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28/9/2023 , Buramatari w’intara ya Bubanza arikumwe n’izindi ndongozi n’imvukira zitandukanye zo muri iyo ntara bishikira gutera intege uwo mworozi, no kugira ngo bungure ubumenyi mubijanye nnubworozi.

🟣 Urwo rugendo shure rwabaye akaryo keza ko kwirabira ibisata bitandukanye n’imigambi isanzwe iriko irarangurirwa muri ico kigo.
Muri iyo migambi nayo isanzwe igize #Lifeway_Group hakaba harimwo:
👉 Ihinguriro rya kijambere rihingura amata ku rugero mpuzamakungu. ( #SEASKY_DAIRLY. )

👉 #GREEN_FARM: Ikigo cagutse cane cororewemwo inka za kijambere zababa amajana umunani.

👉 #SUNWAY: Ikigo kijejwe gutanga inyigisho no gukarihiriza ubumenyi abasanzwe bipfuza canke bakora mu gisata c’ubworozi.

👉 #FOSECO: Ihinguriro rutura rifasha mu guhingura imfungurwa z’ibitungwa vy’ubwoko bwose ndetse n’ibifungurwa vy’abantu.

👉 #NOBILIS_PHARMA: Inzu isanzwe iranguza imiti y’ibitungwa vy’ubwoko bwose.

đŸŽ™ïžNkuko vyabishikirijwe n’uwo muyobozi mukuru wa #Lifeway_Group, ngo intumbero bafise n’uko ico kigo kiba icitegererezo mu bijanye n’ubworozi bufatanye no guhingura ivyabuvuyemwo, haba mu #Burundi ndetse no mu #makungu, ngo ivyo navyo birashoboka , kuko kugera ubu ngo barakama amata arenga amaritiro 3000 ku musi , kandi ntamusi uhera hatavutse inka. Akipfuza ko hagati mu mwaka wa 2024, azoba yamaze gukwiza inka 1000 zikamwa, amakomine yose arimwo inzu z’ubudandarizo bw’imiti y’ibitungwa , ngo ivyo bikazofasha mu kworohereza aborozi canke amashirahamwe azoba yarahawe kuri mwene izo nka , kugira ngo nabo bashobore gutezwa imbere n’ubworozi kandi vyoroshe.

📌 #ClĂ©ophas_NIZIGIYIMANA , Buramatari w’intara ya Bubanza, yarateye intege uwo mworozi wa kijambere ku bikorwa vy’iteka ariko ararangurira muri ako karere, akaba yamwemereye ko Inatara ataco itazokora kugirango imushigikire muvyo azoba akeneye vyose.
😃Bimwe mubidasanzwe vyatangaje abari bakoze urwo rugendo, n’uko
📌🐄 Inka mu gukamwa hakoreshwa amamashine agezweho, ayo nayo aba azi amaritiro buri nka yose ikamwa ,
📌🐄 Inka zose zifise amezi, baba bazi imw’imwe yose ko izovyara inyana canke ishuri, kuko barafise # #Échographie y’ibitungwa 😃
📌 🐄 Bavukisha ubwoko bw’inka bipfuza , naho yoba ariyo mu bwongereza, ngo baraja kuzana umuvyaro wayo bakawushira mu gitereko c’inka yabo hama ikazovyara yanka bipfuza😃.
📌Ikindi gitangaje n’inyubakwa zaho ziteye igomwe ku buryo uhageze ushobora no kuzimira kubera ugutangara gusa.

BURUNDI_2040_2060

USAD_BURUNDI_TOGETHER_FOR_PEACE_AND_DEVELOPMENT.

Laisser un commentaire

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer