đŽInfos: Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14/9/2023 , Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru n’ibinyamakuru Umupfasoni #LĂ©ocadie_Ndacayisaba, yarahagarariye inama igira 13 y’ abashikiranganji barabwa n’ibijanye n’ ivy’inyubako mu gisata co kwunguruza ibintu n’abantu, ubuhinga bwa none ndetse n’ibijanye n’amasoko ntanganguvu , abo bashikiranganji bakaba ari abo mu bihugu bigize umuryango Wa #COMESA ,
đŽIyo nama yerwa n’ibisata vy’ivyo bihugu bigize umuryango Wa COMESA, ikaba yari iyo kwigira hamwe no kuraba ibimaze kurangurwa muri ivyo bisata uko ari bitatu.
đ€Nk’uko vyashikirijwe na #LĂ©ocadie_Ndacayisaba , ngo akarusho kazobonekana ni kanini cane ku mpande zose , ngo kuko hagiye kubonekana inyubakwa zitandukanye izo nazo zikazogaragara muri ivyo bisata vyose, Gukoresha ubuhinga bwa none mukworosha ivy’itumatumanako no kwunguruza ibintu n’abantu. Bakaba baranarabiye hamwe ibijanye n’imigambi 3 ihuza ivyo bisata , iyo nayo ikaba ijanye n’umugambi wo kwubaka ibarabara ry’indarayi , urugomero #Rusumo_Falls , kwubaka ibiraro bitandukanye, n’umugambi wo gushiraho ubuhinga bwo gucungera neza ibidandazwa vyinjira n’ibisohokana ku mipaka hakoreshejwe buhinga bwa none.Ivyo navyo ngo bigatuma hazoboneka amasoko rusangi ,azofasha mu guhanahana ibidandazwa biciye ku mbibe, mu mazi ndetse no mu kirere gutyo ako karere kabone guterimbere vyoroshe.
Twobibutsa ko iyo nama yari yabereye mu gihugu c’ #urwanda i #Kigali.
Usad_burundi_together_for_peace_and_development
