đŽAbenegihugu bo muri komine #Mpanda barashimira inzego za komine k’ukuntu isukari iba yabonetse bayibasangiza bose.








đ§ Mugihe hamaze imisi hibonekeza ubukene bw’isukari kuburyo umuntu aho ayikenerera atariho ayironkera, ngo no muri komine #Mpanda ico kibazo baragifise, ariko nk’uko twabiyagiwe na #BUCUMI_GĂ©rard asanzwe ari Umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa muri komine #Mpanda , ngo baragerageza gusabikanya n’abenegihugu iyiba yashoboye kuboneka , ngo mu gihe isukari iba isohotse ivuye muri SOSUMO, intara ngo iraheza ikakira imifuko iba yayigenewe, gutyo iyo mifuko igaheza ikagaburirwa amakomine yose hisunzwe ubwinshi bw’abantu baba muri buri komine. Ngo rero imaze gushika mw’ikomine ya Mpanda, Indongozi nkuru ziraheza zigafadikanya n’abadandaza bakuru ( #Grossistes ). Imaze kubashikira mu bubibiko naho, ngo intwaro muri Komine zirongera zikifadikanya nabakuru b’imitumba mugupanga imifuko ihabwa imitumba nahone ngo bakisunga ibiharuro vy’abenegihugu baba kw’iyo mitumba, ahari benshi bakahashira nyishi, ahari bake bakahashira nke. Muri ico gihe , ngo Imodoka ya Komine ica iyitwara gushika kw’iyo mitumba (ahashika imodoka) kugira idandarizweho abajejwe intwaro bahari, ngo kandi bamwe bose bagurira ku mitumba iwabo kuko bobo baba bazinanyi, ivyo ngo bakabikora muntumbero yo kurwanya abaja kuyitondera mubibanza vyinshi bagaca baja kuyinyegeza muntumbero yo kuyiteza ubukene ngo bazoce bayiduza ibeyi.
đBamwe mubenegihugu twasanze ahariko hatangirwa iyo sukari , barashima k’ukuntu basanzwe bahabwa iyashoboye kuboneka , ngo kuko no kuyidadanza batereka kw’ibarabara bose babona. Ariko bagatera akamo Leta ko yosohora nyishi ngo kuko ikiro kimwe canke 2 usanga bariko barahabwa kidashobora kumara iminsi.
đŽAho iwanyu isukari namwe muyihabwa gute?