Football: Uburundi na Cameroun hazoca uwambaye ku musi w’ejo
Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru mu Burundi #Intamba_mu_Rugamba uriteguriye urukino ruzowuhuza n’igihugu ca #Cameroun kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023 isaha zitatu z’ijoro (21h) mu gisagara ca #Garoua.
Ni mu nkino zo gukurakuranamwo mu kurondera uburenganzira bwo kwitabira ihiganwa rya #CAN2024 rizobera mu gihugu ca Côte d’Ivoire mu ntango z’umwaka uza.
Kuruhande rwa Cameroun iriteguriye gutsinda .
Uburundi nabwo bwiteguriye gutsinda canke kunganya muri urwo rukinokugira bushobore kuzokwitabira ihiganwa rya CAN2024.
Mubona Intamba zifise amahirwe angana gute muri urwo rukino?
#U_Sport
#CAN2024


