INAMA Y’ABAGUMYABANGA MURI KOMINE NSHASHA YA BUBANZA

🔮🩅 BUBANZA: Abagumyabanga bose bo muri komine nshasha ya #Bubanza bahamagarirwa gushigikira ibikorwa vyose vy’iterambere vyotuma iyo komine igira ishusho nziza gusumbiriza.

🩅Ivyo vyashikirijwe na #Emmanuel_Ntirandekura , Umunyamabanga w’umugambwe #CNDD_FDD muri komine nshasha ya Bubanza mu nama yo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 10/9/2023 iyo nayo ikaba yahuje imvukira, abakozi ba Leta, abikorera umivyabo bavuka muri iyo komine nshasha hamwe n’abarangurira imirimo yabo mukandi karere.

📌 Inyuma yo gutanaga intumbero y’iyo nama kubitavye, #Emmanuel_NTIRANDEKURA , akaba yahamagariye umwe wese gutanga intererano mu ntumbero yo kubandanya biyubaka neza, hababmw’iterambere ndetse no mu mugambwe #CNDD_FDD.

đŸŽ€Mw’Ijambo ryiwe, #Alexandre_NGORAGOZE, Umunyamabanga w’Umugambwe #CNDD_FDD mu ntara ya #Bubanza akaba ari n’imvukira y’iyo Komine nshasha ,yasavye incabwenge zose,abafise ubuzi ahatandukanye,gushigikira amakoperative ya #SANGWUE ari ku mitumba no gushigikira umugambi w’Igihugu wo gutera ibiti,agasaba abarongoye umugambwe gukurirana neza amatuta yakengejwe.
🎯Inyuma y’ibibazo vyabajijwe no guhanahana amajambo, Abagumyabanga b’iyo Komine nshasha ya Bubanza n’incabwenge,bahamagaririwe gushigikira ibikorwa vyose vy’iterambere vyashizwe imbere,haba mu gisata c’Indero mugushigikira kaminuza nshasha buca yugururwa y’Intara,guteza imbere umwenegihugu ku mutumba, indongozi zose zigasabwa kuja ku mutumba kugira ziteze imbere aho zivuka,gushigikira ingendo z’umugambwe ku mitumb.
Iyo nama ikaba yitabwe n’indongozi zikorera mu bisata bitandukanye vy’igihugu, harimwo Umuyobozi mukuru w’ikigo#ANACOP.

Usad_burundi_together_for_peace_and_development

Laisser un commentaire

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer