BUBANZA : Imatera 320 nizo zatanzwe ku mashure atanu y’uburaro ari mu ntara ya #Bubanza.
đïž Kur’uwu wa mbere igenekerezo rya 26.9.2022 imvukira z’intara ya Bubanza zari ziramutse zikora igikorwa co gushikiriza kumugaragaro imatera 320 ku mashure y’uburaro ari mu ntara ya Bubanza.
đ€Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Nyakubahwa #ClĂ©ophas_NIZIGIYIAMANA , Buramatari w’intara ya Bubanza akaba yamenyesheje ko abana bose bari ku mashure ariko hasanzwe hari ikibazo kidasanzwe cane cane mu mashure y’indaro aho menshi asanzwe afise ikibazo c’ubukene bw’imatera zidakwiye , ngo ni naco gituma bicaye hamwe nk’imvukira kugira ngo barabe ko hari ico boterera ari nayo mpamvu bari baramutse bashikiriza zimwe muzo bamaze kuronka.
âNayo #CĂŽme_MANIRAKIZA umushingamateka yatowe muntara ya Bubanza akaba ari nawe arongoye Ishirahamwe ry’imvukira rijejwe iterambere muri iyo ntara , akamenyesha ko imatera 320 baramutse bashikiriza uburongozi bw’indero mu ntara , harimwo imatera 150 zatanzwe n’ubuserukizi bw’igihugu c’ubushinwa , nayo Ishirahamwe #Lumitel rikaba ryatanze imatera 150 , Ishirahamwe ry’imvukira naryo rikaba ryabaye riratanga imatera 20 izindi zikaba ziriko ziregeranwa.
#MANIRAKIZA Agashimira vy’imvamutima abamaze kwitaba akamo ko gushigikira ico gikorwa agahamagarira n’abandi bose babishoboye kugira ico bafashije kugira ngo babandanye basahiriza muri ico gikorwa. Akaba yaciye hamagarira umuyobozi w’indero mu ntara gukurikiranira hagufi izo matera kugira ngo zizozigamwe neza , mu kuzicunga no kuzikoresha neza kugira ngo n’abandi banyeshure bazoza munyuma bazozisangeho ziheze zibafashe.
Akaba yahamagariye n’urwo rwaruka rugiye kuryama kuri izo matera kwihatira ku vyirwa kugira ngo ubumenyi baza bahabwa bozobafashe muri kazoza no kwubaka igihugu.
â Umwaserukiye ubuyobozi bukuru bw’ishirahamwe #Lumitel akaba yabanje kwibutsa abari ngaho ibikorwa #Lumitel isanzwe irangura mu gushigikira i gihugu c’uburundi, akaba yasavye ubuyobozi bw’indero n’abanyeshure kuzofata neza izo matera kugira ngo zizobe isoko ry’ubumenyi kuri bo.
đŽUwaje aserukira ubuserukizi bw’igihugu c’ubushinwa mu Burundi akaba yashimiye Umukuru w’ishirahamwe ry’imvukira za Bubanza k’umwete n’ubwira yakoresheje mugushikira ubwo buserukizi , ati indero ni karahara mu ruganda ntibacura , ngo niyo mpamvu ubuserukizi bw’ubushinwa ataco butazokora kugira ngo indero mu gihugu c’uburundi itere ija imbere, ariko akamenyesha ko iyo mfashanyo ataho ihuriyo n’ibikorwa basabzwe barangura knurwego rw’igihugu ahubwo ari imfashanyo isanzwe bahaye iyo ntara kubera yabituye.














