MPANDA: Abenegihugu bo mu ntara ya Bubanza bahamagarirwa gukora ibishoboka mu gukingira isi ndimwa kugira ngo hongere haboneke umwimbu nk’uwakera.👆Ivyo vyashikirijwe na Buramatari w’intara ya Bubanza ClĂ©ophas_NIZIGIYIMANA aho kur’uwu wa gatandatu igenekerezo rya 10/9/2022 yari yifadikanije n’abenegihugu bo k’umutumba wa #GAHWAZI1 mubikorwa rusangi vyo gukingira isi ndimwa mu guca imikobeko.đŸŽ™ïž Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Musitanteri wa komine #Mpanda #Nadine_NIBITANGA akaba yashimiye abanegihugu k’ukuntu bama bitabiriye ivyo bikorwa akamenyesha ko ihangiro bari bihaye basa nabarishitseko , aho ni mugihe imisi ijana bari bihaye buca iherana n’ukubkwezi kw’icenda.🇧🇼Mumpanuro zashikirijwe na Nyakubahwa Buramatari ClĂ©ophas_NIZIGIYIMANA , akaba yasavye ben’amatongo ko iyo mikobeko imaze gucibwa boguma bayisibura nanyarirya imvura igiye kurwa , agahamagarira n’abandi bose bafise amatongo ari ku mitumba ihanamye guca imikobeko,hama bakama baharima bakurikije impanuro bahabwa n’abafundi b’indimo ku mitumba ,ivyo bikazobafasha mu kurwiza umwimbu k’urugero rushimishije, ati kanatsinda kuva na kera intara ya #Bubanza yamye ari intara yimbuka igasahiriza mugufasha izindi ntara ,ati n’ubu biracashoboka ico basabwa ngo ni gukanura bakabona,bakiyegereza abafundi b’indimo, bakijukira no gukoresha umwavu w’ikirundi uwo nawo bakazowuronka aruko bakoresheje inyabarega mu mihana iwabo.🎧Mu kurangiza akaba y’ibukije abene gihugu bo muri komine #Mpanda n’abanyabubanza muri rusangi kuzitabira ari benshi amatora y’abahuza bo k’umutumba azoba aho bukera Kw’igenekerezo rya 12 , akabasaba kuzokwitorera abashingantahe babushitse atari bamwe ba #Mpemuke_ndamuke.#USAD_Burundi#MPANDA_YACU_ITERAMBERE_RYACU#IBIDUKIKIJE_N_ITERAMBERE.

Laisser un commentaire

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer